Icivugo Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi rizokwisunga mu myaka itanu iri imbere

Ishengero Methodiste Libre mu Burundi, mu Nama y’Umwaka igira iya 30 mu Buseruko i Mweya mu Ntara ya Gitega, ku ma genekerezo ya 16-18 Myandagaro 2019; no mu Burengero ku Karurama mu Ntara ya Cibitoke, ku ma genekerezo ya 23-25 Myandagaro, Umwepisikopi w’Ishengero Methodiste Libre mu Burundi yashikirije Icivugo Ishengero rizokwisunga mu myaka itanu iri imbere. [Ubwami bw’Imana ni buze bugaragarize ivyo Imana igomba mu Bakristo barangwa n’ukugororoka.] Matayo 6 :9,10, 33

 

Imana yaremye ijuru n’isi itumbereye kwagurira Ubwami bw’Imana kw’isi maze irema Adamu imuzeza ibanga ryo kuganza isi. Adamu yatakaje ububasha Imana yamuhaye bituma intumbero yo kwagura Ubwami bw’Imana kw’isi idashika. Yesu, yaje kugarukana ico Adamu yatakaje. Abigishwa ba Yesu bamubajije uko bakwiye gusenga yaba bwiye ko basaba ngo Ubwami bw’Imana buze kw’isi. Matayo 6:9-10 “Data wa twese wo mw’ijuru, izina ryawe ni ryubahwe, Ubwami bwawe ni buze, ivy’ugomba ni bibe mw’isi nk’uko biba mw’ijuru”.

Dutegerezwa kurondera Ubwami bw’Imana kugira buze kw’isi kuko Ubwami bw’Imana buje kw’isi, nk’uko mw’ijuru biri, no kw’isi haca haba ivyo Imana igomba gusa. Mu myaka itanu iri imbere, dusabwa kurondera no gusaba Imana ngo Ubwami bwayo buze burangwa n’ibi bikurikira:

 

Ica mbere mu Bwami bw’Imana, Adamu yari afitaniye imigenderanire myiza n’Imana. Ariko amaze kutumvira Imana, icaha catumye atakaza imigenderanire myiza yari afitaniye n’Imana. Dusenze ngo ‘Ubwami bwawe buze’ icerekana ko bwaje n’uko tugiriranira imigenderanire myiza n’Imana. Turondere Ubwami bw’Imana mu kurondera imigenderanire myiza n’Imana.

 

Ica kabiri mu Bwami bw’Imana, Adamu yari afitaniye imigenderanire myiza nawe ubwiwe. Ariko amaze kutumvira Imana, icaha catumye atakaza imigenderanire myiza yari afitaniye nawe ubwiwe, yiravye asanga ubwiza bw’Imana bwari kuri we bwamuvuyeko. Dusenze ngo ‘Ubwami bwawe buze’ icerekana ko bwaje n’uko tugirirana imigenderanire myiza na twebwe ubwacu. Turondere Ubwami bw’Imana mu kurondera imigenderanire myiza na twebwe ubwacu, twiravye twiboneko ubwiza bw’Imana kandi n’abandi baturavye batuboneko ubwiza bw’Imana.

 

Ica gatatu mu Bwami bw’Imana, Adamu yari afitaniye imigenderanire myiza na mugenzi we. Ariko amaze kutumvira Imana, icaha catumye atakaza imigenderanire myiza yari afitaniye na mugenzi we. Dusenze ngo ‘Ubwami bwawe’ buze icerekana ko bwaje n’uko tugiriranira imigenderanire myiza n’abantu bose. Turondere Ubwami bw’Imana mu kurondera imigenderanire myiza n’abantu bose.

 

Ica kane mu Bwami bw’Imana, Adamu yari afitaniye imigenderanire myiza n’ibimukikije. Ariko amaze kutumvira Imana, icaha catumye atakaza imigenderanire myiza yari afitaniye n’ibimukikije. Dusenze ngo ‘'Ubwami bwawe buze'’ icerekana ko bwaje n’uko tugiriranira imigenderanire myiza n’ibidukikije. Turondere Ubwami bw’Imana mu kurondera imigenderanire myiza n’ibidukikije.

 

Mu bikorwa vyose bitegekanijwe integuro n’indinganizo zavyo zikwiye kwisunga intumbero nyamukuru zibiri:

Iya mbere: Kwiga, kwumvira no gukurikiza amategeko ari muri Bibiliya Yera; kwiga, kwumvira no gukurikiza amategeko ari mu Gitabu c’Imitegekere c’Ishengero Methodiste Libre mu Burundi; no kwiga, kwumvira no gukurikiza amategeko ari mw’Ibwirizwa Nshingiro ry’Igihugu c’Uburundi.

Iya kabiri: Kubwira aboro ubutumwa bwiza, Kumenyesha abarindwa ko barekuwe, Kumenyesha impumyi ko zihumuka, Kurekura abahahazwa ngo bidegemvye, no Kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho.