Inyubakwa nshasha y’ivuriro rya Burenza igiye kwinjirwa

Ishengero Methodiste Libre mu Burundi riraterera mu bikorwa bitandukanye vy’iterambere rusangi, ari naco gituma rishishikara kurangura imigambi itandukanye mu ntumbero yo guhindura ikibano no gufasha abantu kugira ubuzima bwiza.

 

Mu mwaka wa 2014, Ishengero Methodiste Libre mu Burundi ryarubatse ivuriro I Burenza  mu Ntara ya Ruyigi. Iryo vuriro rigitangura ryari rifise ibibazo bitari bike. Uretse inyubakwa y’uburaro bw’abaganga, inyubakwa imwe niyo ryatanguranye kandi nta matara nta mazi vyarangwa mur’ico kibanza. Ivyo  vyatuma ivuriro ry’i Burenza ridashobora gufasha neza abaryituye.

 

IMG20201120171259.jpgUko imisi yahera niko ibitigiri vy’abagwayi vyagiye biriyongera maze ivuriro ntiryaba rigishobora kwakira neza abaje kuryitura bose. Mu biro bikuru vy’Ishengero bateguye umugambi wo kwagura ivuriro no kurironsa ibikoresho rikeneye kugira ngo rishobore gufasha neza abaryituye.  

 

Kubw’uwo mwitwarariko harahavuye rero haboneka inyubako  zindi ivuriro rikoreramwo kandi zubatswe ku buhinga bwa kijambere.  Jonathan NICIZA umukozi w’ibiro bikuru vy’Ishengero akurikirana ibikorwa vy’i Burenza atwiganira ati: “ku kijanye n’inyubakwa ubu  ibintu bimeze neza kuko inyubakwa nshasha ziriyongera, kandi n’izihasanzwe zimaze gusubigwamwo mu gusigwa amarangi, no gushirwamwo ibindi vya nkenerwa biba vyihutirwa kugira ivuriro rise neza kandi rifashe neza abaryituye.” Arongera ati:  “Ubu mbere ivuriro ry’i Burenza rifise uruzitiro rwiza, kandi kubura uruzitiro biri muvyahora bihesha amanuta mabi iryo vuriro.”

 

b2.jpgMu migambi ikomeye irangurirwa I Burenza, Ibiro bikuru vyihutiye gushira muri ico kibanza, ivyuma bitanga umuyagankuba uva ku mishwarara y’izuba (plaques solaires); Ubu amatara kw’ivuriro akaba yaka amasaha 24 kuri 24, kandi  n’inyubakwa zindi z’ububwiriza bwa Burenza zaboneyeho iryo terambere. Amazi meza yo kuma bombo nayo yarashikanywe muri ico kibanza inyuma y’aho ababanyi b’ivuriro bemereye gutanga ahaca imiringoti ishikana amazi meza kw’ivuriro.

 

Ivuriro ry’i Burenza ubu riri muri wa mugambi wa Leta wo kuvura  abana batarakwiza imyaka itanu ku buntu; n’abavyeyi bibungeze nabo baravurwa kandi bakibaruka  ku buntu. Kugira ngo Ishengero rifashe neza muri uwo mugambi ryarubatse inzu nshasha yakira abakenyezi baje kwibaruka (maternite), ikaba ishobora kwakira abavyeyi bagera kuri 20 bahejeje kwibaruka mbere ikagira n’ikibanza co gukoreramwo amanama (sale polyvalente). Vuba iyo nyubakwa ikaba igiye kwinjirwa ku mugaragaro.

 

20200615_104520.jpgIbindi mu bikorwa bikomeye Ishengero Methodiste Libre mu Burundi rikora i Burenza ni ugufasha abana bafise indwara ziterwa n’ugufungura nabi (malnutrition), kugira amagara meza. Umwana wese abaganga babonye ko afise iyo ngorane, aca ashirwa ku buyi bwa BUSOMA burimwo ingaburo nziza. Araheza akabugaburirwa kabiri mundwi aho nyene kw’ivuriro, akongera agahabwa ikilo kimwe atahana kugira umuvyeyi abandanye abumufungurira imuhira.  Iyo ngaburo bayibandanya kugeza bagize amagara meza.  N’abavyeyi bibarukiye kw’ivuriro ry’i Burenza bararonswa ingabire z’abana bibarukiye kuri iryo vuriro.

 

Mu buryo bwo gufasha imitima, Ishengero rirafasha kandi abaja kwivuza n’ababaherekeje, kwumva inkuru nziza ya Kristo no kuremeshwa biciye mw’Ijambo ry’Imana. Kubw’ako karyo rero abatari bake barafashwa hakabamwo n’abakira ubutumwa bwiza bakaniyegurira  umwami Yesu.

Umwe mubivurije kw’ivuriro ry’i Burenza atashimye ko tumuvuga izina yavuze ati: “Mu buryo bw’umubiri abagwaye turakirwa neza n’abaganga kandi bakatuvurana umutima mwiza. Niyo yoba ingwara badashobora kuvura, uvaho unezerewe bivanye n’ukuntu bakuganirije bakanakurangira ahandi wokwungururiza”.