Ukuroranirwa kuva muguhitamwo neza

Umuntu wese yama yipfuza kuroranirwa muvyo akora vyose. Mu gihe abantu bamwe biyumvira ko kuronka amafaranga, ubutunzi, imvyaro,akazi,… arivyo bishikana umuntu ku kuroranirwa, Ijambo ry’Imana ryo ritwereka ukuri gutandukanye n’ivyo vyiyumviro. Umwepisikopi w’Ishengero Methodiste Libre mu Burundi, Reverend Deogratias Nshimiyimana, mukwipfuriza Abakristo umwaka mwiza wa 2021, yabasavye kwiga guhitamwo neza muri vyose kuko ari rwo rupfunguzo rwo kuroranira nyakuri; “Imana yama igenda ifasha abantu bayo ikurikije uko bahisemwo.”

Umukristo agomba kuroranirwa akwiye gukoresha neza ububasha bwo guhitamwo Imana yamuhaye: Ivyo nivyo bitanga ukuroranirwa nyakuri uko Imana igombera umuntu wese yaremye. Ibiri imbere y’abakristo ngo bahitemwo, nivyo biri kandi imbere y’umuntu wese. Imana imaze kurema Umuntu, Adamu(Itanguriro 2), hari ibintu bitatu vyasaba ko ahitamwo kugira aroranirwe.

 

Ica mbere kwari guhitamwo ivyinjira mu mubiri wiwe.

 Itanguriro 2:15-17 Uhoraho Imana ajana wa muntu, amushira mur’iryo tongo ryo muri Edeni, ngw’aririme, arizigame. Uhoraho Imana abarira uwo muntu, at’Igiti cose co mur’iryo tongo ukiryek’uk’ugomba; ariko igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ukiryeko: kuk’umusi wakiriyeko, uzopfa ntakabuza.

 

Imana yashize imbere ya Adamu ibintu vyose ngo ahitemwo. Ku musi ku musi bisaba ko duhitamwo. Ntiduhitamwo ivyo dufungura gusa, ahubwo ni ivyinjira mu mibiri yacu vyose biciye mu buryo twumvisha (sens ). Adamu amaze kwumva n’amatwi yararavye n’amaso, amaze kubona n’amaso arakorako, amaze gukorako aramoterwa, maze amaze kumoterwa aratamira hama araryoherwa.

 

Ku musi ku musi umuntu akwiye guhitamwo ibikwiye kwinjira mu bice vyose bimugize biciye mu kuraba, mukwumviriza n’amatwi, gukorakora n’intoke, kwimotereza n’amazuru. Mu buryo bw’impwemu, mu buryo bw’umutima no mu buryo bw’umubiri umuntu akwiye guhitamwo neza ibimwubaka atari ibimusambura. Ico umuntu ahitamwo nico giheza kigategeka ukugene aroranirwa kuko ububasha bwo guhitamwo, Imana yabuhaye abantu kugira ngo umwe umwe wese ahitemwo ivyinjira muri we.

 

Ica kabiri ni guhitamwo izina aha ikintu cose gica imbere yiwe

Itanguriro 2:18-20 Uhoraho Imana aravuga, ati Si vyiza k’uyu muntu yibana wenyene; hinge ndamuronderere umufasha bikwiranye. Nukw’ibikoko vyose vyo ku misozi n’ibiguruka mu kirere vyose, ivyo Uhoraho Imana yari yabumvye mw’ivu, abizanira uwo muntu ngw’arabe ingene avyita amazina:kand’uwo muntu uko yise ikiri n’ubugingo cose, rica riba izina ryaco. Uwo muntu avyita amazina uhereye kubitungano vyose no kubiguruka mukirere no mu bikoko vyo mw’ishamba vyose:ariko ntihabonekamw’umufasha akwiranye n’umuntu.

 

Iyo uvyutse mugatondo canke iyo utanguye umwaka, hitamwo izina wita ikintu cose gica imbere yawe; Izina uhitamwo niryo kigira imbere yawe. Iyo ubabaye usuzume neza ikintu catumye ubabara, uzosanga ari izina wahaye ico cakubabaje; Unezerejwe n’ikintu, navyo biva kw’izina wagihaye. Izina uha ikintu, rishinga ingene uza kumara umusi umerewe: uriganyira, urihebura canke ukanezerwa. Dukwiye kwiga guha amazina ibintu vyose bidushikira uburyo butuma turoranirwa tukamererwa neza uko Imana ibidushakako.

 

Ica gatatu ni guhitamwo abantu dukwiye kwugururira ubuzima bwacu

Itanguriro 2:21-23 Maz’uhoraho Imana asinziriza uwo muntu ubutikoma, arasinzira: amukuramw’urubavu rumwe, ahomeka inyama mu gishingo carwo. Urwo rubavu Uhoraho Imana akuye mur’uwo muntu, arukuramw’umugore, amuzanira uwo muntu. Maz’uwo muntu aravuga, at’Uyu n’igufa ryo mu magufa yanje,n’akara ko mu mara yanje:azokwitwa umugore kuko yakuwe mu mugabo.

 

Naho Imana yaremeye Adamu Umufasha, yari afise uburenganzira bwo kwanka agahitamwo ukundi ashatse. Ariko yahisemwo umuntu ashira mu mutima wiwe. Dutegerezwa guhitamwo neza abantu twugururira ubuzima bwacu. Mu buzima biradusaba guhitamwo abantu twugururira ubuzima. Uwuhitamwo kwugururira ubuzima bwiwe igisuma, ntazoreka nawe kwiba; Uwugururira ubuzima bwiwe umunyarusaku nawe aba umunyarusaku; Uwugururira umubeshi, nawe acika umubeshi. Duhitemwo abantu badutera intege badukomeza kugira ngo mu mibereho yacu turushirize gukora ivyo Imana igomba maze dushishikare kuroranirwa mu buzima bwacu.