Imyaka ijana na Mirongo itandatu(160) iraheze ritanguye Kw’Isi

Kw’igenekerezo rya 23/8/1860 niho Ishengero Methodiste Libre ryatunganywa ritangurira i Pekin muri New York, imwe mu ma Leta yunze ubumwe bwa Amerika rirongowe n’umu Pasitori yitwa Benjamin Titus ROBERTS.

 

ROBERTS ari kumwe na bagenzi we, bari basanzwe ari Aba Kristo bo mw’Ishengero Episcopal Methodiste imbere y’uko birukanwa muri ryo. “Bari bagirizwa  ko barengeje urugero mukuba abanyakuri, mu kwezwa no mukwigisha abantu ibintu ngenderwako biranga abanyeshengero muri rusangi n’aba Methodistes mu buryo bw’umwihariko”.

 

Ibintu nyamukuru indwi biranga aba Methodistes Libre

Ibi nivyo bintu bihambaye Benjamin Titus ROBERTS n’abo bari kumwe bashimikiyeko mu gutanguza Ishengero Methodiste Libre.

Ica mbere turidegemvya kuko tugwanya ubuja. “Turidegemvya kuko tugwanya ubuja bw’ivyiyumviro vyacu, ivyiyumviro vy’abandi binyuranye n’ivyo ijambo ry’Imana ryigisha. Tugwanya ubwo buja mungo zacu, mu kibano kugira ngo tugumane ishusho y’Imana twaremwemwo

 

Ica kabiri, turidegemvya kuko umuntu wese muri twebwe angana na mugenzi we imbere y’Imana ishobora vyose. Nico gituma umu Kristo wese afise ikibanza n’uburenganzira bungana n’ubwuwundi; yaba ari umutunzi canke umukene; yaba ari uwuhambaye canke uworoshe. Aba Methodistes Libre “ntidukumira abantu ngo twemere ko murusengero hinjirayo abatunzi bonyene ariko twemera ko umuntu wese afise uburenganzira bwo kwinjira mu ngoro y’Imana no kuyihimbaza”.

 

Ica gatatu, turidegemvya mu makoraniro yo kuw’Imana, canke mu yandi makoraniro mw’Ishengero; Dufise umwidegemvyo wo guhimbaza Imana no gutazira mu Mpwemu Yera ariko turongowe n’ijambo ry’Imana.

 

Ica kane, turidegemvya mu migenzo n’inyifato yo guhimbaza Imana no gutazira Imana tugwanya imigenzo n’inyifato y’igipagani: Ivy’ubupfumu, ibintazi, uburozi kuko dutangaza ku mugaragaro ko Kristo ari we aganza ubugingo bwacu.

 

Ica gatanu, turidegemvya mukudashigikira uburongozi bw’igitugu mw’Ishengero no mungo zacu. “Kristo niwe mutwe w’Ishengero ryacu, ntidukoresha uburongozi bw’umukazo canke uburongozi bw’igitugu mw’Ishengero”.

 

Ica gatandatu, dufise umwidegemvyo wo gushishikara kwezwa mu bugingo bwacu umwe wese ku giti ciwe kugira ngo igikorwa ca Mpwemu yera, uwo twahaye ubugingo bwacu kigaragare ku musi ku musi.

 

Ic’indwi, Turi aba Methodistes Libre mu vyiyumviro, mu mvugo no mu ngiro. “Ivyo twizera bigaragaza inyifato yacu mu kibano. Nk’aba Methodistes Libre duhamagarirwa kuba ivyizigiro vy’ikibano tubayemwo”

 

Muri iki gihe Ishengero Methodiste Libre rimaze gukwiza ubutumwa bwiza bwa Kristo mu bihugu bigera kw’ijana na bitanu kw’isi (105). Mu nama y’umwaka igira 31, Umwepisikopi w’Ishengero Methodiste Libre mu Burundi yamenyesheje ko Intumbero y’amasengesho muri kino gihe ari ugusaba Imana ngo izane ikanguro n’umuvyuro mu mitima y’abanyeshengero n’aba Kristo kugira ngo tube abanyakuri, tube abizigirwa, twezwa twongera  twigisha ukuri kubikwiye kuturanga nk’abakristo bikomere kandi bibe akaranga kacu. “Nivyo bituma Ishengero ryacu rishitsa ico Imana yarihamagariye co kuba ivyizigiro mu kibano”.