Ni izihe nyifato zibereye Umukristo muri kino gihe isi ihanzwe n'ikiza ca Coronavirus

Naho mu Burundi ata muntu arabonekwako umugera wa Coronavirus, Umushikiranganji w’amagara y’abantu arushiriza gutera akamo abarundi ngo bakurikize amabwirizwa y’isuku gutyo birinde kwandura no kwanduzanya. Ariko rero hari abarundi bakibifata ibisanzwe mbere ntibanashire mungiro amategeko y’isuku nko gukaraba n’amazi meza n’isabuni, kwirinda gukora ku maso, mu munwa, ku zuru udakaravye neza, kwirinda kuramukanya mu minwe, kugwana mu nda no gusomana, …  

 

Abakristo bamwe bamwe bavuga ngo nugusenga Imana kugira ihagarike ico kiza. Hari n’abizera ko batokwandura ico kiza kuko basenze Imana ishobora vyose ariko bakabandanya ubuzima uko vyamye batubaha amategeko.

Ishengero Methodiste Libre mu Burundi riremera kandi rikongera rigahimiriza aba Kristo  baryo bose kwifatanya n’abandi BeneData  mu gusenga Imana ngo ikize abamaze gufatwa n’umugera wa Koronavirisi; Ihumurize imiryango yamaze kubura abayo; Ihagarike n’Ubushobozi bwayo ico kiza canke  Ifashe abaganga gutora umuti waco burundu; Izigame ubutunzi bw’Ibihugu vyose; … Ariko ntibikwiye kugarukira aho gusa: Umwepisikopi atera akamo Aba methodistes Libre bose aho bari kwirinda ibihuha no gukwiragiza hose amakuru y'ico kiza mugihe batazi neza ko inkomoko yayo iva ku muntu afise ubumenyi hamwe n'uruhusha rwo gutanga izo nkuru. Umwungere w'Ishengero akanahimiriza abakristo gusenga bongera bakurikiza amategeko.

 

Muri Bibiliya tubona ko Imana yagiye ikiza abantu bayo igihe cose bumviye amategeko. Kuva mugitabo c’Itanguriro kugeza Muvyahishuriwe Yohana, Imana ikiza abantu mu buzima bw’imisi yose ikurikije ko bumviye ivyo yabategetse gukora. Imana ntiyari inaniwe gukingira no gushira ahantu heza  abantu umunani bo mu muryango wa Nowa igihe yari igiye kurekura imvura nyishi y’umwuzure. Ariko itegeka Nowa kubaza ubwato naho cari igikorwa kitoroshe.  Sodomu na Gomora Imana yakijije umuryango wa Loti, ariko ibategeka kugenda bataraba inyuma. Abubashe iryo tegeko barakize, uwarirenze (Muka Loti),agahindukira inyuma acika inkingi y’umunyu.

Mu bisanzwe aba Kristo ntibari bakwiye kurinda kwigishwa amabwirizwa y’isuku, ahubwo bari bakwiye kuba abambere bayashira mu ngiro mu buzima bwabo bwa misi yose kuko mw’Ijambo ry’Imana, Imana yitwararitse isuku ry’abantu. Amategeko menshi dusanga mu Gitabu c’Abalewi Imana yayahaye abantu kugira mu bintu vyose bakora mu buzima bwa misi yose bayisunge; intumbero ikomeye yari iyo kubakingira indwara z’ivyaduka. Niyo mpamvu hari ibikoko bari barekuriwe kurya n’ibindi cazira, kugira ngo ntibahonywe n’ikiza candurutse ku nyama zavyo.

Hari ibihe dusabwa gushira mu ngiro amategeko naho yoba atoroshe kugira ngo bituzanire gukira ivyago. (Yesaya 26:20). Umuvugishwa Yesaya, haraheze imyaka 2800, yaravugishijwe amajambo akomeye ateguza abisilayeli ko hari ibihe bigiye kuzoza aho bisaba kwumvira no gukurikiza amategeko.

Na Lahabu amaze gukingira abatasi, agasaba ko nawe I Kanani ni hafatwa azokira, yahawe itegeko ryo kuguma mu nzu yiyugaranye n’abo munzu yiwe bose ku musi wo gutikiza abanyakanani. Kandi yategerezwa no kugumya agatambara gasa n’agahama yahawe maze akabona gukira.

Abisilayeri bakiri muri Egiputa, igihe umumalayika w’urupfu yari agiye kurandura abana b’infura n’ikintu cose c’infura, Imana yabategetse kurya imboga zirura. Naho vyari bigoye barabikoze kuko Imana yagomba kubakiza.

 

Imana irafise ububasha bwose bwo kudukiza ikaturinda canke ikadukura mu mutego w’umutezi; Ikaturinda n’ikiza gihonya(zaburi 91:3), ariko birasaba ko twumvira kuko Imana yamye yerekana ko ishoboye gukoresha ikintu cose yaremye kutuzanira agakiza ariko ari uko twumviye.