Umugabo ni Umutwe w’umugore wiwe

Igenekerezo ry’umunani Ntwarante uko umwaka utashe, amakungu ahimbaza umusi mukuru udasanzwe wahariwe abakenyezi n’abigeme. Mu gihe ihimbazwa ry’uyu musi mukuru akeshi rishimikira ku burenganzira bw’abakenyezi, aho mbere bamwe banaharanira uburenganzira bw’ukungana kw’abagabo n’abagore, Umwepisikopi w’Ishengero Methodiste Libre mu Burundi aho yari yasengeye muri Paroisse Mutanga Nord, Ububwiriza bwa Ngagara yibukije abakenyezi ko igihe cose bahimbaza uwo musi mukuru, batoharanira uburenganzira badahabwa n’ijambo ry’Imana.

 

Ijambo ry’Imana rivuga ko twese imbere y’Imana tungana kuko yaba ari umugabo canke umugore, umwe wese yaremwe mw’Ishusho y’Imana (Itanguriro 1:27). Ikintu cose Imana yakiremye ifise intumbero y’ico gikwiye gushikako, igishiramwo n’ubushobozi bugishoboza gushika kuri iyo ntumbero, ishiraho n’amategeko gikwiye kwisunga mu gushika ku ntumbero yatumye ikirema. Ahantu hose ubonye habaye ingorane biba bivuye ko amategeko agize urutonde rw’ico kintu atakurikijwe. Hagati y’abavyeyi n’abana habaye ingorane, ni uko haba hari amategeko agize urutonde rw’imibano yaciwe iruhande ntakurikizwe. Imana yatanguje umubano hagati y’umugabo n’umugore, ishiraho intumbero y’umubano hagati y’abubatse kandi ishiraho n’urutonde rugizwe n’amategeko bakwiye kwisunga kugira umubano ugende neza. No hagati y’Umugabo n’umugore iyo habaye ingorane, urutonde rwategerezwa kwubahirizwa ruba rwaciwe iruhande. Ijambo ry’Imana riratwereka neza urutonde Imana yashizeho. Umugabo ni umutwe (Abanyefeso 5:22-33). No mu mategeko y’igihugu agenga ingo n’imiryango, ingingo y’ijana na mirongo ibiri na kabiri (122) havuga ngo: “Umugabo niwe mukuru mu rugo. Arangura ico gikorwa afadikanije n’umukenyezi wiwe mu mvugo no mu ngiro”.

Igihe Imana yarema umumars2.jpgkenyezi, ( Itanguriro 2 :18), yamuhaye ububasha bukomeye cane bwo gukora no gutunganya neza ibikorwa vyo mu rugo ku buryo aba koko umufasha akwiranye n’umugabo wiwe. Ariko Satani ikibi yakoze catumye Umukenyezi ava mu kibanza c’ubushobozi yari arimwo bituma atakaza ubushobozi bwo gukora no gutunganya neza ivyo urugo bituma atakiba umufasha akwiranye n’umugabo wiwe, maze ivyo murugo birononekara.

Umukenyezi afise ikibanza gihambaye co gutunganya igicaniro mu rugo rwiwe, kwama agitangirako ikimazi c’amasengesho, kwama atunganya neza ivyo mu rugo rwiwe, gukoresha neza ububasha Imana yamuhaye, yubaha kandi asonera Umugabo wiwe mu rutonde Imana yashinze. Igihe cose habaye ingorane mu rugo umukenyezi akubahuka, guhangara Umugabo wiwe yibaza ko vyomufasha gutora umuti w’ikibazo afitaniye n’uwo bubakanye, n’ukuvuga ko Satani aba yamaze gukura umukenyezi muri ca kibanza ciwe Imana yamushiramwo. Ubushobozi bw’umukenyezi mu rugo ntaho buri mu guhangara umugabo, ahubwo buri mu gusenga.

Bakenyezi, Umwami Yesu abahe inkomezi zose kugira ngo mutunganye neza ingo zanyu, zibemwo ubushobozi buhambaye, hanyuma izina ry’Imana rihabwe icubahiro mu ngo zanyu. Maze ubwami bw’Imana buze, bugaragaragarize ivyo Imana igomba mu Bakristo barangwa n’ukugororoka