Ishengero Methodiste Libre mu Burundi ryarashizeho Ikigo co Gutegura Imigambi y’Iterambere Rishitse. Ico Kigo cubatswe mu gisagara ca Bujumbura muri zone Ngagara kije gufasha mu bikorwa vyo gutegura, gushira mu ngiro no gusuzuma imigambi y’iterambere rishitse, kugira ngo Ishengero rishike ku ntumbero ryihaye mu Mugambi Ndongorabikorwa w’Imyaka cumi (2015-2025) yo gukuza ishengero mu bice vyose bigize kiremwamuntu: Umutima, impwemu n’umubiri.
“Twasanze bikenewe ko habaho Ikigo co gutegura imigambi y’iterambere mw’Ishengero ryacu kugira ngo abakozi baronke aho bakorera igihe bariko baratunganya imigambi y’iterambere.” , Umwepisikopi arongoye Ishengero Methodiste Libre mu Burundi Deogratias Nshimiyimana yabishikirije mu birori vyo kwinjira iyo nyubakwa vyabaye ku wa 5 munyonyo, 2021.
Mu bikorwa vyihuta ico kigo kigiye gutangura kwakira, ni Umugambi w’ibanki yo mu bwoko bwa Microfinance hamwe n’umugambi wo kuvuzanya (mutualite de santé).
Aho umugambi wa Microfinance uzokorera haramaze gutunganywa neza, intambuko ikurikira ikaba ari iyo kurondera ibikoresho bizotwara amafaranga arenga imiriyoni amajana atanu z’amafaranga y’amarundi (500.000.000Fbu).
Kuvyerekeye umugambi wo kuvuzanya, ubu abakozi batatu baramaze gutangura gukora kugira ngo bapange ibikorwa neza n’ibikenewe vyose bijanye n’ibikoresho hamwe n’abakozi. Mu kwezi kwa mbere umwaka wa 2022, akaba ariho ibikorwa nyezina vya Mutualite MVUZA NKUVUZE bizotangura.
Kubakozi bose bazokorera muri Centre de Planification pour le Développement Intégral, Umwepisikopi abasaba kuzokwama bisunga ibintu bitatu nyamukuru:
Uwaserukiye abatumire mu birori vyo kwinjira inyubakwa y’Ikigo co Gutunganya Imigambi y’Iterambere ryuzuye, Archbishop Emeritus Bernard Ntahoturi wo mw’Ishengero rya Anglicane mu Burundi, yarakeje Aba Méthodiste Libre kur’iyo ntererano idasanzwe bagize mw’iterambere ry’igihugu c’Uburundi, yongera ashimira umwepisikopi w’Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi ko yagiye arumvira inama abo bafadikanije kurongora hamwe n’abanyeshengero arongoye bagiye bamugira kugira ngo iyo nyubakwa ikorwe neza.. « Umurongozi akomeye agira abamugira inâma kandi akumvira inama bamubwira,... Umurongozi mwiza kandi arongorwa n’ijambo maze bikabonekera mu bikorwa akora no mubo bakorana ».
Mw’ijambo ryiwe ryo gukenguruka yibukije ibikorwa Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi ririko rirarangura atari ivy’aba Méthodistes gusa ariko n’ivy’igihugu cose n'intererano idasanzwe kw’iterambere ry’igihugu. « Iyo ishengero ryahezagiwe, ritekanye rikerekana ibikorwa mu gihugu no mubanywanyi baryo, igihugu barimwo kiratunga kigatunganirwa. »
© 2023 Free Methodist Church All Rights Reserved | Développé par Burundi Apps Center                     |