INTANGO NSHASHA

"INTANGO NSHASHA" ni izina ry’integuro y’ivyigwa biri mu gitabu kizokoreshwa kwigisha Abakristo kwubaka urufatiro rukomeye rw’ubugingo Rukristo.

Ivyigwa vyateguwe na Rev. Deogratias Nshimiyimana Umwepiskopi w’Ishengero Methodiste Libre mu Burundi. Intumbero y’ivyigwa ni ugufasha abazovyiga kugira bakure mu bugingo Rukristo kandi babeho ubuzima bushimikiye kw’ijambo ry’Imana. Uwizera yakiriye Yesu avuka ubwa kabiri,  (Yohana 3:3) agahinduka rwose akaba icaremwe gisha (2 Abikorinto 5:17). Muri ubwo bugingo bushasha atanguye, arakeneye urufatiro rukomeye ubwo bugingo bwubatseko kugira ashobore gukura, gukomera no gukorera Imana neza.

Igice ca mbere c’ivyigwa kigizwe n’intambuko icumi na zibiri Umukristo acako zituma akura mu kugirirana imigenderanire myiza n’Imana, kandi agafasha abandi mu kubabwira ubutumwa bwiza bw’agakiza yaronse mu kwizera Umwami Yesu, kugira nabo bizere Yesu.

Igice ca kabiri c’ivyigwa kigizwe n’intambuko icumi Umukristo acako zituma akura mu kugirirana imigenderanire myiza n’abandi, kandi yubaha amategeko amategeko agenga imibereho y’ubuzima bwiwe bwa misi yose.

Igicapu :  Abavuye mu nama z’umwaka uko ari zibiri  bariko bakurikirana  ivyigwa nkarishabwenge muri Centre Suédois iri mu Kinindo Ku magenekerezo ya 15-19 mukakaro 2019.

 

Kw’igenekerezo rya 15 kugeza ku rya 19 Mukakaro Igisata c’Ivugabutumwa, Uguhindura Abantu Abigishwa n’Ugukura kw’Ishengero, catunganije ivyigwa nkarishabwenge bihagarikiwe na Augustin Bahaminyakamwe arongoye ico gisata, mu ntumbero yo kwigisha mu guha ubumenyi n’ubuhinga abazokwigisha abandi bigisha bazotanga ivyo vyigwa mw’Ishengero ryose. Abitavye urworuganda nkarishabwenge bari 25 bavuye mu Nama z’Umwaka uko ari zibiri. Ivyigwa birangiye, ababikurikiye bashinze intahe bavuga ko ivyigwa biteguye neza ku buryo Abakristo bafise inzara n’inyota vyo gukura no gukomera mu nzira y’Imana bizoborohera gushira mu ngiro ibirimwo.