Ikigo co gutegura imigambi mw'Ishengero Methodiste Libre mu Burundi

Ishengero Methodiste Libre mu Burundi ryarashizeho Ikigo co Gutegura Imigambi y’Iterambere Rishitse. Ico Kigo cubatswe mu gisagara ca Bujumbura muri zone Ngagara kije  gufasha mu bikorwa vyo gutegura, gushira mu ngiro no gusuzuma imigambi y’iterambere rishitse, kugira ngo Ishengero rishike ku ntumbero ryihaye mu Mugambi Ndongorabikorwa w’Imyaka cumi (2015-2025) yo gukuza ishengero mu bice vyose bigize kiremwamuntu: Umutima, impwemu n’umubiri.

Twasanze bikenewe ko habaho Ikigo co gutegura imigambi y’iterambere mw’Ishengero ryacu kugira ngo abakozi baronke aho bakorera igihe bariko baratunganya imigambi y’iterambere.” , Umwepisikopi arongoye Ishengero Methodiste Libre mu Burundi Deogratias Nshimiyimana yabishikirije mu birori vyo kwinjira iyo nyubakwa vyabaye ku wa 5 munyonyo, 2021.

 

Mu bikorwa vyihuta ico kigo kigiye gutangura kwakira, ni Umugambi w’ibanki yo mu bwoko bwa Microfinance hamwe n’umugambi wo kuvuzanya (mutualite de santé).

Aho umugambi wa Microfinance uzokorera haramaze gutunganywa neza, intambuko ikurikira ikaba ari iyo kurondera ibikoresho bizotwara amafaranga arenga imiriyoni amajana atanu z’amafaranga y’amarundi (500.000.000Fbu).

Kuvyerekeye umugambi wo kuvuzanya, ubu abakozi batatu baramaze gutangura gukora kugira ngo bapange ibikorwa neza n’ibikenewe vyose bijanye n’ibikoresho hamwe n’abakozi. Mu kwezi kwa mbere umwaka wa 2022, akaba ariho ibikorwa nyezina  vya Mutualite MVUZA NKUVUZE bizotangura.

 

Kubakozi bose bazokorera muri Centre de Planification pour le Développement Intégral, Umwepisikopi abasaba kuzokwama bisunga ibintu bitatu nyamukuru:

  • Ica mbere ni Bibiliya Yera : Mu nteguro zose zijanye n’iterambere ry’Ishengero, iterambere ry’imibano, iterambere ry’igihugu n’iterambere ry’ubutunzi, Ijambo ry’Imana rigomba kuba urufatiro iyo migambi yose yubakirako kuko « Ishengero n’igihugu ntivyoshobora gushika kw’iterambere ryuzuye igihe imigambi itisunze Ijambo ry’Imana. Iterambere rindi rishoboka  ni iry’akanya gato ».
  • Ica kabiri ni iyerekwa ry’Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi : « Ishengero rikomeye ryisunze Bibiliya Yera, rigwiza abigishwa bakura ngo base na Yesu ; ryitwararika kumara ubukene abo mu kibano ; rizigamwe ritagira umugayo mu mpwemu, mu mutima no ku mubiri kugeza aho Umwami Yesu Kristo azozira ». Imigambi yose ikwiye kwisunga iryo yerekwa kuko rishimikiye kw’iterambere ryuzuye riraba umutima, impwemu n’umubiri.
  • Ica gatatu ni Itomorabikorwa : « Kwigisha abantu gukunda Imana, gukunda abantu no guhindura abantu abigishwa bakura ngo base na Yesu ». Igikorwa c’Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi kiratomoye.  Ibikorwa vyose bizokorerwa mur’ico kigo bizoba  bifise intumbero imwe nyamukuru yo « kwigisha gukunda Imana n’umutima wose n’ubwenge bwabo bwose n’inkomezi zose » ; ariko kandi no kwigisha umuntu wese gukunda mugenzi we nk’uko yikunda. « Niho imigambi yose tuzotegura, ishirwa mungiro ryayo n’isuzumwa ryayo rizogenda neza ».

 

Uwaserukiye abatumire mu birori vyo kwinjira inyubakwa y’Ikigo co Gutunganya Imigambi y’Iterambere ryuzuye, Archbishop Emeritus Bernard Ntahoturi wo mw’Ishengero rya Anglicane mu Burundi, yarakeje Aba Méthodiste Libre kur’iyo ntererano idasanzwe bagize mw’iterambere ry’igihugu c’Uburundi, yongera ashimira umwepisikopi w’Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi ko yagiye arumvira  inama abo bafadikanije kurongora hamwe n’abanyeshengero arongoye bagiye bamugira kugira  ngo iyo nyubakwa ikorwe neza.. « Umurongozi akomeye agira abamugira inâma kandi akumvira inama bamubwira,... Umurongozi mwiza kandi arongorwa n’ijambo maze bikabonekera mu bikorwa akora no mubo bakorana ».

 

 

Mw’ijambo ryiwe ryo gukenguruka yibukije ibikorwa Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi ririko rirarangura atari ivy’aba Méthodistes gusa ariko n’ivy’igihugu cose n'intererano idasanzwe kw’iterambere ry’igihugu. « Iyo ishengero ryahezagiwe, ritekanye rikerekana ibikorwa mu gihugu no mubanywanyi baryo, igihugu barimwo kiratunga kigatunganirwa. »