Iyindi ntambuko kw'ihinguriro BUSOMA

Ihinguriro ryararonkejwe urupapuro rwemeza ko ifu y'ubuyi rikora imeze neza kandi ikwije ibisabwa n'amategeko.

BUSOMA

Mu birori vyo vyatunganijwe n'ikigo c'igihugu kijejwe gutunganya no gucungera ubuziranenge bw'ibifungurwa n'ibinyobwa vyahinguriwe hano mu gihugu c'Uburundi (BBN), Ihinguriro BUSOMA ryegukira Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi ryararonkejwe urupapuro rwemeza ko ifu y'ubuyi rihingura yisunze ibisabwa n'ico kigo BBN.

Iyo ntambuko igezweko inyuma y'aho abarongozi b'Ishengero bafatiye ingingo yo guteza imbere iryo shirahamwe kugira ngo riterere bimwe biboneka mu guteza imbere amagara y'abantu.

Kuva aho Umwepisikopi w'ishengero Méthodiste Libre mu Burundi Deogratias Nshimiyimana hamwe n'Umunyamabanga Nshingwabikorwa Rev. Evariste Bimenyimana bafatiye ingingo yo kwitwararika gutunganya neza ihinguriro BUSOMA, ubu iryo hinguriro rirashobora gutanga intererano iboneka mu guteza imbere amagara y'abantu mu ntumbero yo guteza imbere Ishengero hamwe n'Igihugu.

Mu ndinganizo, igikorwa bari bashize imbere kwari ugutunganya neza ibikorwa vya BUSOMA kugira ihinguriro rikwize ibisabwa bituma rishirwa ku rutonde rw'amahinguriro akora yisunze ibisabwa vyose mu Burundi no ku rwego mpuzamakungu.

Ivyo bikorwa vyose vyaraye bishikanye ihinguriro BUSOMA ku guhabwa urupapuro rwemeza ko rikora neza ifu y'ubuyi bw'akanovera