Mu rugendo rwo kurondera ubwami bw’Imana

Mubanze murondere Ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo, ni ho ivyo vyosemuzovyongerwa”. Aya majambo y’Imana ari mu butumwa bwiza bwa Matayo 6:33 abatari bake mu ba nyeshengero ba Methodiste Libre mu Burundi umwaka w’ishengero uheze bayazi ku mutwe kandi benshi muri bo yatumye bahinduka bagira umwitwarariko wo gukurikira Umwami Yesu no kumushingira intahe. Inama y’umwaka igira 34 yarangiye Umwepiskopi ashikirije abajenama icivugo co kwisunga mu kiringo c’imyaka itanu naco kikaba gishimikiye no kuri ayo majambo nyene. Icivugo kivuga giti: “Ubwami bw'Imana nibuze, bugaragarize ivyo Imana igomba mu bakristo barangwa n’ukugororoka”. Mugihe dutanguye uwundi mwaka (umwaka ugira kabiri w’icivugo) twibukanye ibintu nyamukuru Umwepiskopi ariko ashishikara kwigisha ishengero.

 

Kurondera ubwami bw’Imana bisigura ko umuntu arondera kandi akitwararika mubuzima bwiwe kugiriranira imigenderanire myiza n’Imana; kugiriranira imigenderaniremyiza na we nyene ubwiwe; Kugiriranira imigenderanire myiza n’abandi; Kugiriranira imigenderanire myiza n’ibidukikije.

 

Kurondera Ukugororoka kw’Imana bisigura ko umuntu abwirizwa kumenya neza amategeko agenga ikintu cose yerekeje gukora, hanyuma akagikora neza yisunze ayo mategeko. Umu Kristo wese ashaka kuroranirwa mu buzima abwirizwa gusoma, kwiga no kwitondera amajambo y’Imana ari muri Bibiliya yera. Umu Kristo kandi ntiyirengagiza amategeko y’Igihugu ciwe mu gihe atanyuranye n’ubugombe bw’Imana bibiriya ihishura.Abakristo rero bakwiye no gusoma Ibwirizwa shingiro ry’igihugu cabo n’ayandi mabwirizwa kandi bakongera bakayitondera ku neza yabo n’iy'igihugu cabo. Aba Methodiste Libre babwirizwa kwubahiriza n’“Igitabu c’Imitegekere kirimwo amategekoagenga Ishengero, insobanuro z’ivyizerwa nshimikiro, inyigisho nkenerwa, impanurozisanzwe hamwe n’ibindi bikoresho bikenewe". Ico kiriho ngo kirongore kandi gitange impanuro zikwiye gukurikizwa mu bwitonzi. Ikintu cose rero Imana yakiremye gifise intumbero yaco. Imana yashize ubushobozi mu kintu cose butuma gishika ku ntumbero caremewe. Ni uko rero Amategeko yashizweho nk’ubushobozi ikintu cose cisunga kugira gishike ku ntumbero caremewe.

 

Ubwami bw’Imana n’ukugororoka kwayo bigaragarira mu nyifato zihuye n’ivyo Imana igomba.

 

Imana mukurema yari ifise intumbero yo kwagurira ubwami bwayo mw’isi. “Abakristo bategerezwa kubaho ubuzima bugaragaza ubwami bw’Imana. Ishengero sibwo bwami bw’Imana ariko Ishengero riserukira Ubwami bw’Imana mw’isi. Ishengero mu kigiriki “Ekklesia”, ryakoreshejwe muri politike y’intwaro y’Abagiriki, ryongera rirakoreshwa muri politike y’intwaro y’Abaroma, wari umugwi w’abantu batoranywa n’Umwami kugira bashitse ivyiyumviro, intumbero n’iyerekwa ry’Umwami mu bwami arongoye. Ishengero nk’ubuserukizi bw’Ubwami bw’Imana rero hano mw’isi, ribwirizwa gushingira intahe Kristo mu kibano no kuba umuco n’umunyu w’isi.

 

 

Izo nyigisho zitumbereye gushika kuki?

Mugukomeza inyigisho nk’izi, Umwepisikopi n’abamwunganira bipfuza gufasha Umukristo wese kumenya umuhamagaro n’intumbero yatumye Imana imurema ikamushira hano kw’isi; Gufasha Umukristo wese kugira iyerekwa ry’ubuzima bwa hano kw’isi n’iry’ubwo inyuma y’urupfu Yesu amaze kugaruka ; Gufasha Umukristo wesekumenya neza ubushobozi afise Imana yamuhaye bumushoboza gushika ku ntumbero n’iyerekwa ryiwe; Gufasha Umukristo wese kumenya amategeko agenga ibikorwa akora imisi yose, ayo ubushobozi afise butegerezwa kwisunga kugira ashike ku ntumbero n’iyerekwa ryiwe; Gufasha Umukristo wese gukoresha ubushobozi afise yisunze amategeko no gushika ku ntumbero n’iyerekwa ryiwe.

 Abarongozi b'Ishengero Methodiste mu Burundi bafise ivyizigiro ko Inyigisho nizagenda neza, Ishengero rizobamwo Abakristo bizera kandi bazi ijambo ry’Imana; Ishengero rizobamwo Abakristo bafise intumbero n’iyerekwa; Umukristo wese azoba afise ikibanza co gukorera Imana mw’Ishengero; Umukristo wese azoba afise imigenderanire itomoye; Umukristo wese azoba afungura neza, yambara neza kandi afise aho aba heza; Umupasitori wese azoba afungura neza, yambara neza, kandi afise aho aba heza.