Abarenga ibihumbi mirongo itatu na bitandatu baramaze kumenya inyungu ziri mu mugambi wo kuziganya no kuguranana

Haraheze imyaka itandatu  Ishengero Methodiste Libre mu Burundi rifadikanije n’Ishirahamye Hope International, ritanguje mu banyeshengero, umugambi wo kuziganya no kuguranana biciye mu migwi mito mito.  Ugitangura mu mwaka wa 2014 uwo mugambi ntiwakiriwe neza mu banyeshengero bamwe bamwe aho bavuga ko ari uw’ikuzimu. Naho vyari bimeze uko, Abarongozi b'Ishengero bakomeje kwigisha  no gukwiragiza ibikorwa vy’uyo mugambi mu bu bwiriza butandukanye.  Uko ibikorwa vy’uwo mugambi vyagiye bitera imbere  hirya no hino niko n’igitigiri c’abatahura akamaro kawo cagiye ciyongera. Ishengero Methodiste Libre mu Burundi risanzwe rifise ihangiro ryo kuba “Ishengero rikomeye ryisunze Bibiliya Yera, rigwiza abigishwa bakura ngo base na Yesu; ryitwararika kumara ubukene abo mu kibano; rizigamwe ritagira umugayo mu mpwemu, mu mutima no ku mubiri kugeza aho Umwami wacu Yesu azozira.’’ Kubw’iryo hangiro, Ishengero ryitwararika gufasha Abakristo kuronka ingaburo zikwiye zibafasha kubaho neza mu buryo bw’Impwemu bw’Umutima no mu buryo bw’umubiri. Umugambi wo kuziganya no kuguranana rero ubu uriko utera imbere.  Imigwi igihumbi n'amaja icenda na mirongo itatu n'itatu (1933) iramaze kuvuka  mu bubwiriza 39 kuri 42 bugize Ishengero Methodiste Libre mu Burundi. Iyo migwi yose hamwe ifise abanywanyi bagera ku bihumbi mirongo itatu na bitandatu n’amajana abiri na batatu (36203 ). Dufatiye hamwe ayari muri Banki, ayaguranywe, ayari mu bubiko bwa caisse n'ayari mu kirimba, amafaranga y’amarundi agera kuri 1 098 177 051 niyo abo banywanyi bose hamwe bagezeko. “Umugambi wo kuziganya no kuguranana watumye abanyamigwi bahindura ivyiyumviro n’ingendo mukubona ko Impwemu, Umutima n’Umubiri vyose bibwirizwa kubungabungwa nabo bakarushiriza gushikama mu gakiza.

 

Kuziganya no kuguranana, umushinge w’iterambere

Abantu benshi barafise imigambi muri bo, ariko bikabagora kuyishira mu ngiro kubera intambamyi zitandukanye. Mu gihugu hagati abantu bato bato muvy’ubutunzi ntivyoroshe ko bakora ku mahera. No mu bisagara, kwaka umwenda mu ma Banki ntivyoroshe kuri bose kuko bisaba ko uba ushoboye gutanga ivyemeza ko amafaranga usavye uzoyariha (ingwati). Ivyo bituma abantu badashobora kurangura nk'uko bavyipfuza imigambi bafise muri bo. Kubari mu migwi yo kuziganya no kuguranana iyo ntambamyi barayisezereye. Colette NIYINKUNZE, Umwigeme wo muri Paroisse ya Kayanza ati “Umugambi wo kuziganya no kuguranana, watumye nshobora kuronka ideni mu mugwi kandi nkarisubiza ntavunywe n’inyungu banciriye”. Uyo mwigeme ashinga intahe avuga ati: “Abigeme dukenera utuntu twinshi, uretse abava mu miryango yifise, hari ibintu vyinshi dukenera abavyeyi bacu canke abaryango badashobora kuduha. Imana ishimwe kuko kuva umugambi uje ubu ndavyironsa. Ndamaze no kugura agatongo gafise igiciro c’amafaranga ibihumbi amajana abiri”. NDIKURIYO Claude, Umunyeshengero wa Methodiste Libre mu ntara ya CIBITOKE nawe yarateye intambwe nziza mw’iterambere abifashijwemwo n’umugambi wo kuziganya no kuguranana. “Mu mwaka wa 2016 nari mu bukene butagira izina, ariko aho ngiriye mu mugwi wo kuziganya no kuguranana, narateye imbere: ubu nfise imoto zibiri n’umutahe w’imiriyoni zitatu z’amafaranga y’amarundi nkoresha mu bigazi.”                    

 

Kuziganya no kuguranana, umushinge w’umubano mwiza n’ivugabutumwa

Imigwi yo kuziganya no kuguranana iriko ituma abantu bahurira hamwe maze abatahora bashikirana ngo baganire bagahurira mu mugwi bafise intumbero imwe ubucuti bugakomera. Bivanye n’uko ubucuti bugenda bukomera mu migwi, usanga abanyamigwi basigaye bafashanya no mu bindi. Mu Bubwiriza bwa Ngomante, Paroisse Ngomante, Abakristo bamaze kugiriranira umubano mwiza, baboneyeho kubwira ubutumwa bwiza abo basangiye imigwi batari bwizere Kristo. GWABIRA Leopord, NSABIMANA Nancencie, GAHINYUZA Noella na Femiya bose bakiririye Kristo mu mirwi yo kuziganya no kuguranana. “Kuba mu migwi yo kuziganya no kuguranana ni akandi karyo kadasanzwe ku Bakristo ko kugaragaza Ubwami bw’Imana mu kibano”