Ishengero Methodiste Libre rishishikaye igikorwa c'Umwami Yesu

Mu nama yamaze imisi 4 muri Amerika y’epfo, Abarongoye Ishengero Methodiste Libre kw’Isi bose hamwe biyemeje gukora ngo bagwize ibitigiri vy’abakristo bongere kandi bagarurire kuri Yesu imitima y’abariko bareka Imana.

Kuva italiki 23 kugeza 27 Gitugutu 2019 muri Bresil harakoraniye inama y’Isi yose y’Ishengero Methodiste Libre. Abagiye muri iyo nama isanzwe ikorana rimwe uko imyaka ine iheze, biga ivy’Ishengero ryakoze mu kiringo c’imyaka ine iheze bakongera bagategure n’ibikorwa Ishengero rikwiye gukora mu myaka ine ikurikira. Muri rusangi ibikorwa vy’Ishengero Methodiste Libre biriko bigenda neza mu bihugu 83 ishengero rikoreramwo. Mu gihe Kw’Isi yose ishengero Methodiste Libre rifise abanyeshengero bangana n’umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana indwi (1.700.000), Abepiskopi biyemeje kubandanya intumbero ishengero rifise mu myaka cumi yo kwongereza incuro zibiri ico gitigiri. Kugira bashike kuri iyo ntumbero, abarongoye Inama y’Abepiskopi bategekanya kugira ingendo zo kugendera abakristo mu bihugu Ishengero Methodiste Libre rikoreramwo kugira barabe imigambi iriko itunganywa babone gutera intege Ishengero mu bikorwa vy’Ivugabutumwa ari navyo bizotuma ishengero rishika kw’ihangiro ryihaye ata ntambamyi.

Ijambo ry’Imana imbere ya vyose

Naho abari muri iyo nama bava mu bihugu bitandukanye bakagira n’imico itandukanye, bose bahuriza ku kuri kwa Bibiliya. Ijambo ry' Imana ryonyene niryo ritunganya mu buryo bubereye ibijanye n’imibereho y’abantu. Mu gihe hari ibihugu bimwe bimwe cane cane vyo mu burengero bishigikiye ko abasangiye ibitsina bubakana, Abarongozi b’Ishengero Methodiste Libre mu bihugu 83 rikoreramwo bo ntibarota bemera n’ibisa n’ivyo kuko binyuranye n’Ijambo ry’Imana. Ni kuri iyo mvo bahurije hamwe mu guhinyanyura ibijanye no kurongorana. Abubakana ntibakwiye kwubaka rukristo gusa, bakwiye kandi kuba ari umugabo n’umugore. Ariko kandi naho ari vyiza guhinyanyura ingingo z’imitegekere, Abepiskopi bemeranya ko amategeko adahindura imitima y’abantu.  Ibitera abantu kwiyumvira ivyo kurongorana bahuje ibitsina bo nayandi mabi yose, vyose biterwa nuko abantu bari kwigiza kure Imana. Abepiskopi rero biyemeje kwongereza inguvu mu kuvuga ubutumwa kugira abantu bagumbire Imana. “Kwegereza abantu Yesu Kristo akaganza ubuzima bwabo ni inyishu ku bibazo vyose.”

 

None mu Burundi ni bande bagiye muri iyo nama

Kuri iki gicapu uwutangura ni Umushingantahe Japhet Nsanzerugeze, hakurikira Umwepiskopi Rev Deogratias Nshimiyimana, Umunyamabanga nshingwabikorwa Rev Evariste Bimenyimana hama Umushingantahe Celestin Sindibutume

 

Umwepiskopi w’Ishengero Methodiste Libre Rev.Deogratias Nshimiyimana ari kumwe n’Umunyamabanga nshingwabikorwa Rev Evariste Bimenyimana, Umuyobozi wa ICCM mu Burundi Umushingantahe Japhet Nsanzerugeze hamwe n’Umurongozi w’akanama kajejwe intwaro, Umushingantahe Celestin Sindibutume nibo baserukiye ishengero ryo mu Burundi bongera batorerwa amabanga bazorangura mu kiringo c’imyaka ine. Umwepiskopi wacu yari asanzwe arongoye inama y’Abepiskopi kwisi mu kiringo c’imyaka ine, yongeye kwongerwa ayo mabanga, Umunyamabanga nshingwabikorwa nawe yatorewe kuba umwe mu bajenama batanu bagize akanama gatora amazina k’Inama y’Isi ; Umushingantahe Celestin Sindibutume nawe yatorewe kuba muri batandatu bagize inama itunganya y’Isi.